Uko wahagera

Umushikiranganji wa mbere w’Igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu, Yarifatiye mu Gahanga Irani


IUmushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu ariko yerekana umurongo utukura ku vyerekeye umugambi w'ibirwanisho ruhonyanganda w'igihugu ca Irani mu mwaka uheze mw'ikoraniro rikuru ry'ishirahamwe O-N-U.
IUmushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu ariko yerekana umurongo utukura ku vyerekeye umugambi w'ibirwanisho ruhonyanganda w'igihugu ca Irani mu mwaka uheze mw'ikoraniro rikuru ry'ishirahamwe O-N-U.
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu, yatangaje kw’igihugu ca Irani kibandanya akigoro kaco k’ukuronka ibirwanisho ruhonyanganda, kw’igihugu ciwe citeguriye kwigwanako conyene, mu kwivuna imigambi y’igihugu ca Irani y’ukuronka ibirwanisho ruhonyanganda.

Ivyo Netanyahu, yabitangaje mw’ijambo yashikirije, ku musi wa kabiri mw'ikoraniro rikuru ry’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, igihe yariko ashikiriza impungenge ziwe, ku mugambi w’igihugu ca Irani werekeye ibirwanisho ruhonyanganda.

Ivyashikirijwe na Netanyahu, vyariyamirijwe n’intumwa y’igihugu ca Irani mw’ishirahamwe O-N-U yavuze kw’ivyashikirijwe na Netanyahu ari ibintu biturira.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israel, Benjamin Natanyahu, yavuze kw’uburyo bwonyene bw’ukubuza Irani gikora ibirwanisho ruhonyanganda biciye mu mahoro, ar’ugufatanya ibihano bikomeye, n’ukugabisha gufata ingingo za gisirikare.

Yasavye amakungu kutadohoka, mu kuremera igihugu ca Irani, akaba yagirije prezida wa Irani, Hassan Rouhani, kw’ariwe yatumye umugambi w’igihugu ca Irani werekeye ibirwanisho ruhonyanganda, ugira intambwe.
XS
SM
MD
LG