Uko wahagera

Abantu Barenga Mirongo Itandatu Barishwe, mu Bitero Bitari Bike Vyabaye, mu Gihugu ca Iraki


Imodoka zasambuwe n'igitero ca bombe yari yatezwe mu modoka muri Iraki
Imodoka zasambuwe n'igitero ca bombe yari yatezwe mu modoka muri Iraki
Ejo ku musi wa gatandatu, umwihevyi yari afise bombe yarishe aba Shi’ite mirongo itanu, bari bagiye mu kibanza gikomeye gihezagiye c’Aba Shi’te, ku murwa mukuru wa Iraki, Bagdad.

Imbere yaho, abantu cumi na babiri barishwe, igihe umwihavyi yari afise amabombe yayaturitsa, mu kibanza abantu bikiza inyota, mu gisagara Balad, ku bilometero mirongo umunani, mu buraruko bw’umurwa mukuru, Bagdad.

Igitero ca bombe gisa n’ico cahitanye abantu cumi na batandatu, canke barenga, muri ico kibanza nyene haheze indwi indwi.

Amakuru yatangajwe n’abajejwe umutekano, yamenyesheje kw’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye bishe abamenyeshamakuru babiri, igihe bariko bafata amasanamu, mu gisagara ca Mosul, mu buraruko bw’igihugu ca Iraki.

Abo bamenyeshamakuru bakorera telaviziyo y’igihugu ca Iraki, al-Sharqiya.
.
XS
SM
MD
LG