Uko wahagera

Abakomandob’Abanyamerika Baragize Igitero Cahiga Umutegetsi akomeye w’Umurwi al-Shabab, muri Somalia


Abarwanyi b'umurwi al-Shabab
Abarwanyi b'umurwi al-Shabab
Umurwi w’abasirikare badasanzwe, ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bita Navy SEALS, warahize igitero c'uguhiga umutegetsi akomeye w’umurwi w’abarwanyi, al-Shabab, ukorana n’umurwi al-Qaida, mu gitero cabaye imbere y’ubucagucagu, ahitwa Barawe, muri Somalia, yamara abategetsi bavuga kw’ata murwanyi numwe yafashwe, muri ico gitero.

Abategetsi b’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, batangaje kw’abo bakomando bagizi igikorwa cari kigenewe gufata umutegetsi akomeye w’umurwi w’iterabwoba al-shabab, yamara ntibashoboye kumufata.

Abarwanyi batari bake b’umurwi al-Shabab, barishwe mu kurasana kwabaye, yamara ivy'uko uwo mutegetsi akomeye w’umurwi al-Shabab yari yaronderwa yari muribo ntibitomoye. Abategetsi ba Amerika bavuga kw’ata numwe mu nteko z’Abanyamerika yishwe, canke yakomeretse.

Amakuru yatangarije Ijwi rya Amerika, kw’umurwanyi akomeye w’umurwi al-Qaida, akorana n’umurwi al-Shabab, ariwe yahirwa muri ico gitero, yamara ayo makuru ntiyatangaje izina ryiwe.

Ico gitero cari kigenewe kwishura, ku gitero cagizwe mu kabanza kirimwo amamangazini, abantu basumiramwo, i Nairobi ku murwa mukuru wa Kenya, haheze indwi zibiri.
XS
SM
MD
LG