Uko wahagera

Harabaye Tsunami Ntoyi, Inyuma yuko Ikinyamugigima Kibaye, mu Buyapani


Ikarata y'Ubuyapani
Ikarata y'Ubuyapani
Abategetsi b’igihugu c’Ubuyapani barakuyeho ukugabisha kwose bari bagize, ku vyerekeye Tsunami, inyuma yuko ikinyamugigima gikomeye cane kinyigangije igice kiri hasi, mw’ibahari mu buseruko bw’igihugu c’Ubuyapani.

Ikigo ca Amerika kijejwe gukwirikirana ivyerekeye ibinyamugigima, catangaje kw’ico kinyamugigima ,cabaye mw’ibahari ku bilometero amajana atatu na mirongo ibiri na bitandatu, umuntu avuye ku nkengera z’ibahari, hafi y’isaha icenda zo mw’ijoro, mu masaha yo muri ico gice, yo ku musi wa gatauu washira umusi wa gatandatu. I

co kinyamugigima cashimikiye, ku bilometero cumi musi y’amazi y’ibahari.

Ico kinyamugigima catumye haba Tsunami ntoyi, ku nkengera z’ibahari ,mu gice co mu buseruko bw’Ubuyapani, yamara nta makuru yatangajwe, ku vyerekeye ivyoba vyononekaye.
XS
SM
MD
LG