Uko wahagera

Abajejwe Itohoza, mu Burusiya, Bavuga kw’Umwihevyi w’Umugore, Yaturikije Bombe muri Bus Itwara Abantu


VIgisagara ca Volgograd mu Burusiya aho igitero ca bombe cagizwe muri bus itwara abantu
VIgisagara ca Volgograd mu Burusiya aho igitero ca bombe cagizwe muri bus itwara abantu
Abategetsi b’igihugu c’Uburusiya, batangaje ko bombe yaturikiye muri bus itwara abantu, ku musi wa mbere, mu gisagara ca Volgograd, mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu c’Ubusuriya, cari igikorwa c’umwihevyi w’igitsinagore.

Iyo bombe yahitanye abantu batandatu, harimwo nyene guturitsa iyo bombe, abandi bantu bagera kuri mirongo itatu barakomereka.

Umurwi ujejwe itohoza, mu gihugu c’Uburusiya, watangaje kw’izina ry’uwo mwihevyi ari Naida Asiyalova. Umuvugizi w’uwo murwi, Vladimir Markin, yatangaje kw’uwo mwihevyi, afise imyaka mirongo itatu, ava mu ntara ya Dagestan, imwe mu ntara z’Uburusiya zibamwo igitigiri kinini c’Aba Islamu, mu ntara Caucase, yo mu buraruko.

Mu myaka ya vuba, intara ya Dagestan, niyo yarageramiwe bikomeye n’umugumuko ubandanya w’Aba Islamu, mu ntara ya Caucase yo mu buraruko.

Nta wiyitiriye igitero ca bombe, cagizwe kuri bus itwara abantu, co ku musi wa mbere.
XS
SM
MD
LG