Uko wahagera

Ivyavuye mu Matora y’Umukuru w’Igihugu, muri Madagascar, Biriko Biratangura Kumenyekana


Abasirikare bariko bacungera umutekano mu kibanza c'amatora ku murwa mukuru w'igihugu ca Magadascar, Antananarivo
Abasirikare bariko bacungera umutekano mu kibanza c'amatora ku murwa mukuru w'igihugu ca Magadascar, Antananarivo
Ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu, muri Madagascar, biriko biramenyekana buhoro buhoro, umusi umwe inyuma yuko abanya Madagascar batoye, mu bwabaye ubwa mbere, kuva habaye coup d’etat, mu mwaka w’2009.

Abakandida mirongo itatu na batatu bariko bahiganirwa kuyobora igihugu ca Madagascar.

Abitegereza ibintu babona kw’ata mu candida numwe azoronka amajwi ahagije, kugira ntihabe incuro ya kabiri y’amatora.

Abategetsi bajejwe amatora, barashikirije ivya mbere bivuye mu matora, mu biri hafi y’ibice bibiri kw’ijana, vy’ibibanza vy’amatora birenga ibihumbi mirongo ibiri, mu gihugu ku mugoroba w’ejo ku wa gatandatu. Abakandida babiri nibo bari imbere, Jean Lousi Robinson, na Hery Rajaonarimampianina.

Robinson ashigikiwe n’uwahoze ari prezida, Marc Rvalomanana, yakuwe ku butegetsi n’umutegetsi ahari muri iki gihe, Andy Rajoelina, muri coup d’etat yo mu mwaka w’2009. Rajaonarimampianina ashigikiwe n’umugambwe wa Rajoelina.

Rajoelina na Ravalomanana baraziririjwe kwitoza, mu matora y’umukuru w’igihugu.
XS
SM
MD
LG