Uko wahagera

Abitavye Amatora mu Gihugu ca Guinee, Bashitse ku Bice 80 kw’Ijana


Abagabo n'abapfasoni barindiye gutora mu gihugu ca Guinee
Abagabo n'abapfasoni barindiye gutora mu gihugu ca Guinee
Abanyagihugu mu gihugu ca Guinee, bararindiye ivyavuye mu matora y’abashingamateka, yabaye ku musi wa gatandatu muri Guinee, abategetsi bavuga ko yaranzwe n’igitigiri kinini cane c’abitavye amatora.

Urwego rw’igihugu rujejwe amatora, mu gihugu ca Guinee, rwatangaje ko bisa nuko ibirenga ibice mirongo umunani kw’ijana vy’abari barekuriwe gutora batoye, mu matora yo ku musi wa gatandatu, naho habaye ibibazo bimwe bimwe, ku vyerekeye ibikoresho
vy'amatora, ku murwa mukuru w’igihugu ca Guinee, Conakry.

Ayo matora abonwa kw’ari intambwe ya nyuma y’igihugu ca Guinee, y’ukuva ku ntwaro y’agahotoro y’igisirikare, kikaja mu ntwaro y’igisivile.

Prezida w’igihugu ca Guinee, Alpha Conde, yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu yari yegeranye, mu mwaka w’2010, imyaka ibiri inyuma yuko abategetsi b’igisirikare bafashe ubutegetsi, muri coup d’etat.

Urwego rw’igihugu rujejwe amatora, rwamenyesheje ko ruza gushikiriza ivyavuye mu matora vya mbere, mu bitarenga ku musi wa mbere.
XS
SM
MD
LG