Uko wahagera

Benjamin Netanyahu, Yaragabishije Prezida Obama, kuri Irani


Prezida wa Amerika, Barack Obama n'umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu
Prezida wa Amerika, Barack Obama n'umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Israel, Benjamin Netanyahu, yatangaje kw’igihugu ca Irani gitegerezwa gusambura umugambi waco werekeye ibirwanisho ruhonyanganda, kandi kw’ico gihugu cotegerezwa gufatirwa ibihano bikomeye kurushiriza, mu gihe kiriko kiganira n’ibihugu vy’I Bulaya na Amerika.

Ivyo Netanyahu yabitangaje, inyuma yuko abonanye na prezida wa Amerika, Barack Obama, mu biro vyiwe, Maison Blanche, ejo ku musi wa mbere.

Prezida Obama, yatangaje kw’ibihugu bikomeye vyo kw’isi, bizoganira n’igihugu ca Irani bikanuye, kandi ko bizovugana n’igihugu ca Israel.

Urugendo rwa Netanyahu, i Washington, rubaye imisi itatu inyuma yuko prezida Obama, na prezida w’igihugu ca Irani, Hassan Rouhani, bavuganye kw’itelefone, inyuma yuko ibintu nkivyo bitabaye hagati y’ibihugu vyabo, mu kiringo kirenga imyaka mirongo itatu.
XS
SM
MD
LG