Uko wahagera

Ibiganiro Hagati y'Abatalibani na Afuganistani Birabandanya


Bamwe mu bari bitabiriye ibiganiro vyo mu kwezi kwa cenda
Bamwe mu bari bitabiriye ibiganiro vyo mu kwezi kwa cenda

Prezida wa Afuganistani yageze ku murwa mukuru wa Qatar i Doha ahasanzwe hariko habera imishikirano igamije kugarukana amahoro muri Afuganistani.

Iyo mishikirano irimwo impande zitandukanye zigizwe n' intumwa za Reta ya Afugansitani n'abatalibani. Bitegekanijwe ko Prezida Ashraf Ghani bahura n'izo ntumwa ziwe muri ivyo biganiro, co kimwe na zimwe mu ndongozi z’ibindi bihugu umuvugizi wa Asshraf Ghani yatanze ano makuru atadondaguye amazina. Nta mubonano utegekanijwe hagati y’uwo mutegetsi n’uruhande rw’abatalibani.

Abasesanguzi ba politike bakurikiranira hagufi ivya Afuganistani batangarije ikinyamakuru Reuters ko urugendo rwa Ashraf Ghani I Doha ari inzira yo kurondera gushigikirwa na Qatar mu mugambi wo kugondoza abatalibani ngo bemere haboneke amasezerano y’amahoro.

Imishikirano igamije gushika ku masazerano y’amahoro hagati ya Afuganistani n’abatalibani yatanguye mu kwezi guheze. Naho abatalibani bayivugiyemwo ko bipfuza gutanga agahengwe, ahatari hake muri ico gihugu hakomeje kuvugwa ibitero vyabo vyahitanye, baba abasivile, abasirikare ba Reta, n’abo barwanyi ubwabo.

Kuri uno wa mbere abajejwe umutekano w’igihugu batangaje ko bombe yatezwe mu muduga igamije kwica buramatari w’akarere k’ubuseruko muri Afuganistani yahitanye abantu 8 ikomeretsa 30 barimwo abana. Nta murwi n’umwe wiyitiriye ico gitero, ariko aho cabereye ni akarere gakunzwe kuvugwamwo intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu n’abatalibani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG