Uko wahagera

Igitero c'Iterabwoba mw'Ibohero Cahitanye 3 muri Afuganistani


Jalalabad Prison Attack

Abantu bitwaje ibirwanisho bateye ibohero riri mu buseruko bwa Afuganistani kuri uyu w’Imana, bica abantu bashika kuri batatu mu gihe igihugu cari mu gahengwe k’intambara muri ibi bihe abayisilamu bari muri Eid al-Adha.

Umuvugizi wa buramatari w’intara ya Nangarhar yavuze ko abo bitwaje ibirwanisho babanje guturitsa igisasu gitezwe mu modokari hafi y’iryo bohero imbere yo kwugurura umucanwa w’amasasu mw’ibohero ryo mu gisagara ca Attaullah Khogyani.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yemeje ico gitero.

Abatalibani bahakanye kugira uruhara muri ico gitero cabaye ku munsi wa nyuma w’agahengwe ku guhagarika intambara hagati y’Abatalibani na reta kugira bahimbaze umusi mukuru wa Eid al-Adha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG