Uko wahagera

Imirwano muri Afuganistani Yahitanye 60 ku Mpande Zose


Abategetsi muri Afuganistani bavuze kuri uyu wa kane ko ugutana mu mitwe kwabaye hagati y’abajejwe umutekano n’abarwanyi b’Abatalibani kuva ku musi wa gatatu kwahitanye 60 ku mpande zose uko ari zibiri. Ibi ni mu gihe intumwa z’abo badacana uwaka ziri mu biganiro vyo kurondera amahoro.

Umuvugizi w’intara ya Nangarhar yavuze ko Abatalibani bateye abajejwe umutekano mu bucagucagu mu buseruko bw’iyo ntara, bica hafi abasirikare 22 ba Afuganistani bongera bakomeretsa abandi 15. Attaullah Khogyani yavuze kandi ko abasirikare bivunye bica hafi abarwanyi 30 b’Abatalibani muri uko gutana mu mitwe.

Hambavu y’ico gitero, Abatalibani barateye mu bumanuko bw’intara ya Uruzgan, bica abasirikare 5 nkuko abategetsi babivuze.

Abatalibani ntaco bashotse bavuga kuri ivyo bitero bishasha. Ariko umushikiranganji wa Afganistani ajejwe kwivuna abansi, Asadullah Khalid yavuze ko Abatalibani ari bo bibazwa kuko ari bo batangura gusotorana.

Uku gutana mu mitwe kuba mu gihe ibiganiro amaso mu yandi vyatanguye hagati y’Abatalibani n’intumwa za reta ku musi wa gatandatu i Doha, muri Qatar.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG