Uko wahagera

Abatalibani Bagandaguye Abaporisi ba Reta 28 muri Afuganistani


Abategetsi muri Afuganistani bavuze ko Abatalibani bagandaguye abaporisi 28 mu mirwano yabaye mu bumanuko bw’igihugu.

Umutegetsi umwe muri ako karere yavuze ko Abatalibani bagandaguye abo baporisi inyuma yuko bishikanye ariko Abatalibani babihakanye.

Ubwo bwicanyi bwabereye mu karere ka Gizab mu bumanuko bw’intara ya Uruzgan, ahamaze imisi haba ugutana mu mitwe gukomeye, aho ibitigiri vy’abarwanyi b’Abatalibani biruta abajejwe umutekano.

Zelgai Ebadi, umuvugizi wa buramatari w’intara ya Uruzgan, yavuze ko Abatalibani bahenze abo baporisi 28 ko ni bishikana ku musi wa kabiri bazobareka bagataha mu ngo zabo. Ariko yavuze ko bamaze kubambura inkoho baciye bicwa bose.

Umushikiranganji wa Afuganistani w’intwaro mu gihugu hagati ntiyashatse kugira ico ashikirije ku kuntu abo baporisi bishwe.

Abo 28 bishwe inyuma y’aho abandi baporisi n’abasirikare bashika 14 biciwe muri urwo rugamba nyene mw’ijoro ryo kuw’Imana rishira uwa mbere.

Intumwa zaserukiye Abatalibani na reta ya Afuganistani bari mu biganiro i Doha muri Qatar, aho bariko barondera inzira yo kurangiza intambara imaze imyaka 19.

Ibi biganiro vyarimwo icizere, vyabaye bigitangura haca haduka ugutana mu mitwe muri Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG