Uko wahagera

Abasirikare 14 ba Afuganistani Baguye mu Gitero c'Abatalibani


Abasirikare bashika 14 ba Afuganistani n’abaporisi baguye mu gutana mu mitwe gukomeye n’Abatalibani mu bumanuko bwa Afuganistani. Abategetsi babitangaje kuri uyu wa mbere mu gihe ibiganiro vyo kurondera amahoro hagati y’impande zibiri bikibandanya.

Abarwanyi b’abatalibani bagavye igitero mw’ijoro ryo kuw’Imana ku birindiro bitari bike vy’abajejwe umutekano mu ntara ya Uruzgan iri mu bumanuko bw’igihugu, bituma hasiga ubuzima abasirikare ba Afuganistani.

Abategetsi bavuze ko n’akarere ka Gizab kagenzurwa na reta kahatswe kurwa mu minwe y’abo barwanyi. Bavuze kandi ko abajejwe umutekano 14 bishwe hamwe n’abarenga 10 bakomeretse.

Iyi mirwano yadutse mu gihe intumwa z’abatalibani hamwe n’iza reta ziriko ziraganira i Doha, aho bariko baragerageza gutora inzira yo kurangiza intambara imaze imyaka 19.

Abategetsi ba gisirikare bavuze ko ku musi wa gatandatu mu buraruko bushira ubuseruko bw’intara ya Kunduz, indege z’intambara za Afuganistani zaragavye ibitero ku birindiro vy’abatalibani aho abarwanyi barenga 30 bahasize ubuzima. Ariko abategetsi b’aho vyabereye bavuze kuri uyu wa mbere ko ivyo bitero vy’indege vyahitanye abasivile 17.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG