Uko wahagera

Abatelebani Bakomeje Ibitero Barenga ku Masezerano y'Amahoro


Abarwanyi b'Abatalebani bari ahitwa Ahmad Aba mu ntara ya Paktia
Abarwanyi b'Abatalebani bari ahitwa Ahmad Aba mu ntara ya Paktia

Abatalibani bagize igitero ca bombe mw'ikambi y'igipolisi mu buseruko bw'igihugu ca Afuganistani.

Ico gitero, cahitanye abapolisi batatu, cabaye uno musi ku wa kabiri mu ntara ya Paktia, cakozwe amasaha makeyi inyuma yuko Robert O’ Brien, umuhanuzi ku bibazo vyerekeye umutekano wa prezida wa Amerika, Donald Trump asubiye gutera akamo kuko impande zitana mu mitwe muri Afuganistani zitangura zidatevye ibiganiro vy’amahoro.

Umwiyahuzi yaturikije imodoka yari yuzuye amabombe ku rwinjiriro rw’ikambi y’igipolisi imbere yuko abantu 2 bitwaje ibirwanishso bikomeye binjira muri iyo kambi. Inteko zijejwe umutekano za Afuganistani zahanganye na bo buno nyene zirica abo bantu babiri mu gutana mu mitwe kwamaze igihe gitoyi. Abatalibani biyitiriye ico gitero. Bamenyesha ko cahitanye inteko zijejwe umutekanao zitari nke.

Ku musi wa mbere, umuhanuzi wa Prezida Trump ku bibazo bijanye n’umutekano w’igihugu, Robert O’ Brien, yaravuganye na prezida wa Afuganistani, Ashraf Ghani ku biganiro vy’amaharo hagati ya reta n’Abatalibani bihagarikiwe na Amerika bigenewe guhagarika ingwano mu gihugu. Baganiye ivyerekeye gutangura ibiganiro bihuza impande zose mu gihugu bidatevye.

Umuvugizi wa Prezida Ashraf Ghani yatangaje uno musi ku wa kabiri ko impande zompi zashimikiye ku kamaro kuko haba amasezerano y’uguhagarika ingwano kugira habe amahoro arama muri Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG