Uko wahagera

Afuganistani: Agahengwe mu Bihe vya Eid al-Adha


Perezida wa Afuganistani yavuze ko ibiganiro vy’amahoro birindiriwe igihe kirekire hagati ya reta arongoye n’Abatalibani bisa n’ibishobora gutangura mu ndwi iza kandi bumvikanye gutanga agahengwe k’iminsi itatu ata ntambara.

Ako gahengwe kazotangura kuri uyu wa gatanu, ku munsi wa mbere abayisilamu bazotangurirako amafungo ya Eid al-Adha, kabandanye iminsi ubwo buruhuko buzomara.

Abatalibani basavye guhagarika intambara inyuma y’aho Perezida Ghani avugiye ko ihanahana ry’imbohe ririko riratera intambwe nziza, ari naco cari catumye ibiganiro bidindira.

Umudipolomate w’Amerika i Kabul, Ross Wilson, yashimye uko gutanga agahengwe k’intambara yongera avuga ko afise icizere ko izo mpande zibiri zizonyarutsa kuja ku meza y’ibiganiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG