Uko wahagera

Reta ya Afuganistani Yagiriza Abatalibani Igitero Cishe Abasirikare 20


Abiyahuzi b’abatalibani baturikije bombe bongera batera inyubakwa z’abajejwe umutekano muri Afuganistani, hapfa abantu barenga 20 n’abatari bake bakomeretse. Ico gitero co kuri uyu wa kabiri kibaye mu gihe iyugururwa ry’ibiganiro bigamije kurangiza intambara hagati y’abadacana uwaka muri Afuganistani vyari gutangura uyu musi bitaraba.

Abategetsi ba Afuganistani bavuze ko umwiyahuzi yari atwaye ikamyo yayinjije ayiturikiriza mu kigo c’abasirikare b’abakomando mu ntara ya Balkh iri mu buraruko bw’igihugu.

Umuvugizi w’abatalibani, Zabihullah Mujahid, yavuze ko ico gitero cahitanye abakomando 61 b’igisirikare ca Afuganistani.

Haruhande y’ico gitero, abatalibani bariyemereye kandi ko ari bo baturikije iyindi modokari yari yuzuye bombe ku musi w’Imana ku rwinjiriro rw’ibiro bikuru vy’igiporisi mu ntara ya Ghazni iri hagati mu gihugu. Abategetsi ba Afuganistani bavuze ko abajejwe umutekano babo batatu bahasize ubuzima.

Abatalibani na bo bavuze ko ico gitero cishe abasirikare 28 ba reta.

Ibi bitero bibiri vy’ubwiyahuzi mu ntara za Balkh na Ghazni bije guca kubiri n’amasezerano hagati ya Reta zunze ubumwe za Amerika n’Abatalibani. Ayo masezerano yo mu kwezi kwa kabiri yasaba ko abasirikare ba Amerika bava muri Afuganistani hagati mu mwaka wa 2021. Abatalibani bemeye ko batazosubira gukoresha ubutaka bwa Afuganistani mu kugaba ibitero vy’iterabwoba. Bemeye kandi kuzorondera umuti uciye muri politike na reta kugira barangize intambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG