Ibihugu vy’Ubushinwa, Afuganistani na Pakistani bisaba ko inteko mvamakungu zirongowe na Reta zunze ubumwe z’Amerika ziva muri Afuganistani nkuko zavyiyemeje kugira ntihongere kuvuka imirwi y’iterabwoba.
Abashikiranganji b’ivyo bihugu bajejwe imigenderanire n’ayandi makungu babishikirije kuri uyu wa kabiri.
Babishikirije mu gihe Amerika iriko irasaba reta ya Afuganistani n’abatalibani kunyarutsa kurangiza ihanahana ry’abanyororo kugira ibiganiro nyezina hagati y’izo mpande zibiri birindiriwe igihe kirekire bishobore gutangura.
Amasezerano y’amahoro muri Afuganistani ni yo azotuma inteko zose z’Amerika hamwe n’abo bafatanije ziva muri ico gihugu mu kwezi kw’indwi 2021 nkuko Amerika n’abatalibani bavyemeranije mu kwezi kwa kabiri.
Facebook Forum