Uko wahagera

Ibitero vy'Abatalibani Vyishe Abasirikare 8 ba Reta ya Afuganistani


Abajejwe umutekano ba Afuganistani bari ahabereye igitero c'Abatalibani, i Kabul, kw'itariki 6/03/2020.
Abajejwe umutekano ba Afuganistani bari ahabereye igitero c'Abatalibani, i Kabul, kw'itariki 6/03/2020.

Ibitero bibiri vy’Abatalibani mu ntara ya Kunduz mu buraruko bwa Afuganistani vyahitanye abasirikare ba reta bashika ku munani n’abandi bakomeretse mu gatondo ko kuri uyu wa mbere.

Esmatullah Muradi, avugira iyo ntara yavuze ko n’Abatalibani 13 basize ubuzima muri uko gutana mu mitwe kwabereye mu mihana ya Shinwari.

Ibitero vy’Abatalibani bibandanya mu gihe reta ya Afuganistani irushiriza kuremerwa na Amerika ngo itanguze vuba bwango ibiganiro n’Abatalibani.

Reta ya Afuganistani yamye yidogera Abatalibani ko bikwega mu biganiro vyari bitegekanijwe gutangura mu kwezi kwa gatatu ariko birasiba akatari gake.

Ihanahana ry’abanyororo hagati ya reta n’Abatalibani yari intambuko ya mbere yasabwa n’impande zishamiranye imbere yuko ibiganiro bitangura. Reta imaze kurekura abatalibani 4 400 ariko yaranse kurekura umurwi wa nyuma kuko abari muri wo ivuga ko bakoze ubwicanyi bukabije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG