Uko wahagera

Ubufaransa na Ostraliya Ntibishigikiye Ifungurwa ry'Abatalibani


Ibiro vy’umukuru w’igihugu muri Afuganistani vyatangaje ko ibiganiro vy’amahoro hagati y’Ubutegetsi n’abatalibani bishobora kudindizwa n’ibihugu bitariko vyakira neza irekurwa ry’abanyororo b’abatalibani.

Ubufaransa na Ostraliya biza imbere mu bidashigikiye umugambi wo kurekura izo mfungwa. Ubufaransa buvuga ko mu barekuwe harimwo abishe umunyagihugu wabwo yakorera ONU muri Afuganistani mu 2003, n’abandi bagirizwa kuba barishe abasirikare babwo batanu mu 2012.

Ku ruhande rwa Ostraliya, umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yemeje ko mu banyororo 400 barekuwe mu ndwi iheze harimwo abagirizwa kuba barishe abasirikare batatu b’igihugu ciwe.

Mu gihe ivyo bihugu vyose vyiyamirije irekurwa ry’abo banyoro vyita “Intagondwa”, bivuga ko irekurwa ryabo rishobora kubangamira umutekano w’isi n’ugusasira indava ukudahana. Abategetsi muri Afuganistani bahumurije bavuga ko biteguriye kuvugana n’abafise amakenga kugira haboneke umuti.

Mu ndwi iheze, abatalibani bari batangaje ko ibiganiro vy’amahoro bishobora gutangura muri ino ndwi. Mu batalibani 400 barekuwe mu ndwi iheze, harimwo abo ubutungane bwari bwaramaze kwagiriza ivyaha bikomeye birimwo ivy’iterabwoba. Irekurwa ryabo ryari mu vyo uruhande rw’abatalibani rwasavye mu masezerano y’ibanze yari ahagarikiwe n’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG