Uko wahagera

Abatalibani 65 Bishwe n'Abajejwe Umutekano muri Afuganistani


Abajejwe umutekano ba Afuganistani
Abajejwe umutekano ba Afuganistani

Abategetsi muri Afuganistani bavuze kuri uyu wa kane ko abajejwe umutekano bishe abatalibani 65 mu ntambara zikomeye zabereye mu buseruko bwa Afuganistani. Izi ntambara ziba mu gihe izo mpande zishamiranye ziri mu biganiro vy’amahoro.

Iyi mirwano yabaye mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu, inyuma y’ahoAbatalibani batereye inyubakwa y’ibiro bikuru vya gisirikare i Wazi Khwa mu ntara ya Paktika.

Umuvugizi w’igiporisi muri iyo ntara, Shah Mohammad Arian yavuze ko iyo mirwano yamaze amasaha atari make, abajejwe umutekano bariko barivuna. Yavuze ko haruhande y’Abatalibani 65 bishwe, abandi 35 bakomeretse hamwe n’abaporisi batatu bishwe.

Abatalibani ntaco baravuga kuri ico gitero.

Iki gitero gikurikiye icabaye kwa gatatu Abatalibani bavuze ko bishe abaporisi 28 mu ntara ya Uruzgan mu bumanuko bw’igihugu.

Ni mu gihe intumwa z’Abatalibani hamwe n’iza reta ziriko ziraganira i Doha muri Qatar, aho bariko barondera inzira yohagarika iyo ntambara imaze imyaka 19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG