Ibiganiro bigamije amasezerano y’amahoro hagati y’Abatalibani na Afuganistani vuba birongera gutangura. Perezida wa Afuganistani Ashraf Ghani mu nama yamuhuje n’abantu 21 bagize umurwi uzohagararira Reta muri ivyo biganiro yavuze ko uruhande rwa Reta rwakwije ivyangombwa rwari rwasabwe kugira ivyo biganiro vyadindiye bisubire gutangura.
Mu vyo uruhande rwa Reta rwemeza ko rwisuganijemwo, harimwo ukurekura imfungwa z’Abatalibani. Ku rundi ruhande, Abatalibani nabo bavuga ko biteguye kwinjira mu biganiro bibwirizwa kubanzirizwa n’irekurwa ry’infungwa zabo zose.
Ntibiratomoka ryari Abatalibani bagera ku 120 bakiri mu minwe ya Reta bazorekurirwa. Mu bihugu biriko bibera intambamyi uwu mugambi wo kurekura Abatalibani bose bafunzwe, harimwo Ubufaransa na Australiya bikomeje gusaba ko abishe abanyagihugu babo barimwo abasirikare boshengezwa imbere y’ubutungane hakurekurwa.
Hagati aho, ubushikiranganji bubarizwamwo ivyo gushigikira amahoro muri Afuganistani bwemeje ko bamwe mu bazoba bahagarariye ivyo biganiro ku ruhande rwa Reta baja bamaze gushika I Doha ku murwa mukuru wa Qatari ahazobera ibiganiro nyezina, mu myiteguro ibibanziriza.
Nta matariki ya ryari bizotangura arashirwa ahabona naho Reta ya Afuganistani yemeje ko abagize umurwi uzohagararira ivyo biganiro nabo bashobora kwerekeza I Doha ku wa kane.
Facebook Forum