Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Kongo bwatangaje kuri uno wa gatandatu ko ikiza ca Ebola cahitanye uwundi muntu umwe wo muri Kivu y’Amajepfo.
Uwo umwe yiyongeye ku bandi cumi bo mu karere ka Beni bari bamaze kwemezwa ko bahitanywe na Ebola muri uku kwezi kwa munani.
Mu gihe akarere ka Beni kariko kavugwa mwo Ebola gahanzwe n’abarwanyi bitwaje ibigwanisho batandukanye, abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu bavuze ko hari umurwi w’abahinga mu vy’ukuvura barungitswe gucungera umutekano no kubandnaya amahimiriza.
Ni inyuma yaho kuri uno wa gatanu abagera kuri batandatu bishwe n’abarwanyi bo mu murwi ADF urwanya Reta ya Uganda.
Bugize ubugira cumi Kongo ihangana na Ebola kuva yadutsemu 1976.
Facebook Forum