Uko wahagera

Urucanco rwa Ebola Rwoba Rugiye Kuboneka


Abaforoma mu bikorwa vyo gushingura abahitanwe na Ebola i Freetown, muri Sierra Leone, Dec. 21, 2014.
Abaforoma mu bikorwa vyo gushingura abahitanwe na Ebola i Freetown, muri Sierra Leone, Dec. 21, 2014.

Incanco zibiri ziriko zirageragezwa ku mugera wa Ebola zisa n’izitanga ivyizere.

Ivyigwa vyatangajwe mu kinyamakuru “The New England Journal” co mu Bwongereza candika kuvy’amagara y’abantu, vyerekana ko incanco zageragejwe ku bantu 1500, abashika 80 kw’ijana babonetse ko imibiri yabo ishobora kurinda Ebola.

Ubwo bushakashatsi bwakozwe mu ntumbero yo gukorera hamwe hagati ya Reta zunze ubumwe z’Amerika na Liberiya ku mugera wa Ebola.

Mwibuke ko ikiza ca Ebola cihaye inkumbi cane cane muri Liberiya, muri Guinee no muri Sierra Leone hagati y’imyaka ya 2013 na 2016 gihitana ubuzima bw’abantu barenga ibihumbi cumi na kimwe.

Incanco zishika 15 nizo ziriko zirageragezwa. Abahinga bavuga ko incanco za mbere zishobora kwemezwa mu mwaka wa 2018 uza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG