Uko wahagera

OMS: Nta Bashasha Bandura Ebola muri RDC


Umuforoma ariko aracandaga kugira bakingire Ebola i Mbandaka muri RDC, itariki 30/05/2018.
Umuforoma ariko aracandaga kugira bakingire Ebola i Mbandaka muri RDC, itariki 30/05/2018.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS ritangaza ko ata muntu mushasha arasubira kwibonekeza ko yanduye Ebola muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo kuva kw’igenekerezo rya 17 z’ukwezi kwa gatanu.

Kugeza ubu, OMS yemeza ko abantu 25 aribo bamaze guhitanwa n’ico kiza.

Umuvugizi wa OMS, Tarik Jasarevic avuka ko atawokwijajara, kuko ngo ibiharuro vy’abanduye bishobora guhinduka bivanye n’uko hatazwi aboba barabonanye n’abari baranduye. Ati umuntu umwe yanduye Ebola ashobora kwanduza benshi bagiye barabonana mu manza canke amakoraniro nko mu masengero no ku maziko.

Jasarevic aremeza ko hari intambwe batewe mu gucandaga abantu babonanye n’abanduye.

Ebola yibonekeje incuro y’icenda muri Kongo kuva mu mwaka w’1970. Mu myaka itanu iheze, Ebola yishe abantu barenga ibihumbi 11 mu karere ka Afrika y’uburengero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG