Uko wahagera

RDC: Ibindi Bimenyetso vya Ebola muri Kivu y'Uburaruko


Abakozi ba MSF bari ahakoranirijwe abanduye Ebola, i Mbandaka, RDC, itariki 20/05/2018.
Abakozi ba MSF bari ahakoranirijwe abanduye Ebola, i Mbandaka, RDC, itariki 20/05/2018.

Abantu bane baramaze kugaragara ko bafise ibimenyetso vy’umugera wa Ebola mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, nkuko vyatangajwe n’abategetsi b'ico gihugu kuri uyu wa gatatu.

Buramatari w’intara ya Kivu ya ruguru, Julien Paluku, yabitangaje, mugihe hari haheze indwi imwe reta ya Kongo ifadikanije n’abategetsi ba OMS batangaje ko ico kiza casezerewe burundu mur’ico gihugu, inyuma yo guhitana abantu 33.

Abahinga bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bitezwe muri ako karere kuri uyu wa kane kuraba uko vyifashe, nkuko bishikirizwa n’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG