Uko wahagera

Sierra Leone Bararindiriye Ibizova mu Matora


Abanyagihugu muri Sierra Leone kur’uyu wa gatatu ni ho bagiye gutora umukuru w’igihugu mushasha bizigiye ko azorongora ico gihugu co muri Afrika y’uburengero casinzikaye mu vy’ubutunzi inyuma y’ikiza ca Ebola co mu mwaka wa 2014 cahitanye abatari bake.

Abakandida 16 nibo bahiganirwa gusubirira Perezida Ernest Bai Koroma, arangije ibiringo bibiri vy’imyaka itanu itanu yemererwa n’ibwirizwa shingiro. Abari imbere y’abandi mu majwi ni Samura Kamara wo mu mugambwe All People's Congress uri ku butegetsi, hamwe na Julius Maada Bio, arongoye umugambwe w’abanyagihugu “People's Party”.

Iyo migambwe ibiri niyo yagiye irakabukanya ku butegetsi kuva ico gihugu ciganzura intwaro y’ubukoroni y’Abongereza mu mwaka w’1961.

Ubwinshi bw’abitoza bushobora gutuma haba igice ca kabiri c’amatora mu gihe atawoshikana amajwi 55 kw’ijana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG