Uko wahagera

Ebola Yasezerewe muri RDC


Umukozi muvy'amagara y'abantu apima ubushuhe bw'abantu bagira bafate indege ku kibuga c'indege i Kinshasa, RDC, itariki 2/06/2018.

Igihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo catangaje ko ikiza ca Ebola carangiye, gishimira abategetsi muvy’amagara y’abantu hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS, kuba baranyarutse kurwanya ico kiza.

Umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom arashimira reta ya Kongo kuba yarakerebutse mu guhangana n’ico kiza, no mu gusaba imfashanyo mu maguru masha, hamwe no gutanga amakuru ku banyagihugu ibintu bitarayangara.

Ico kiza ca Ebola gihitiye catanguye kandi kwibonekeza mur'ico gihugu mu kwezi kwa kane, mu mihana yo mu buraruko bushira uburengero bwa Kongo, mu nyuma gitandukira igisagara ca Mbandaka.

Abantu 33 nibo cahitanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG