Uko wahagera

OMS: Ebola Ishobora Kunyuka muri Kongo


Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi, OMS, ryatangaje ko indwara ya Ebola ishobora guhitana abatari bake muri Kongo.

OMS isigura ko mu kiringo c'indwi imwe, ku bantu 27 bagaragaje ibimenyesto vy'iyo ndwara, 17 bo mu karere ka Bikoro kari mu ntara ya Equateur bitavye Imana.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Kongo yahamagariye OMS kwihutira gukorana n'amashirahamwe ariko arafasha gutorera inyishu ico kibazo amazi atararenga inkombe.

OMS imenyesha ko ikiza ca Ebola kimaze gutera muri Kongo incuro icenda kuva mu 1976.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG