Uko wahagera

Abaganga ba OMS Barashitse muri RDC Guhangana na Ebola


Umurwi w’abaganga b’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS kuri uyu wa gatatu niho bashika muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo guhangana n’umugera wa Ebola, mugihe abategetsi ba Reta mu karere bariko barashiraho ibikenewe kugira barwanye ico kiza.

OMS yatangaje ku musi wa kabiri ko igihugu ca Kongo congeye guterwa na Ebola mu karere ka Bikoro mu ntara ya Equateur, itangaza kandi ko yasohoye umuliyoni umwe w’Amadolari mu mafaranga yayo yogufasha vyihuta kugira ifashe guhangana na Ebola. Ivyo OMS yabishikirije hamaze gupfa abantu 17, abategetsi mu gisata c’ubuganga bemeza ko abashika kuri babiri mur’abo bari banduye Ebola.

Umushikiranganji wa Nijeriya ajejwe amagara y’abantu, Isaac Adewole yavuze ejo kuwa gatatu ko igihugu ciwe catanguye gusuzuma ingenzi ziva muri RDC zinjira mu gihugu kandi ko biteguye kurungika umurwi w’abaganga gufasha muri Kongo kurwanya ico kiza.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG