Uko wahagera

OMS-RDC: Ibikorwa vyo Kurwanya Ebola Bigenda Neza


Umuyobozi w’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku magara y’abantu, OMS ku mugabane w’Afrika atangaza ko ibikorwa vyo kugenzura kugira ikiza ca Ebola nticandukire benshi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo biriko bigenda neza.

Matshidiso Moeti, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko atewe intege cane n’umwete hamwe n’ubwira reta ya Kongo, ifadikanije n'abayifasha mu gihugu ndetse n’abari mu makungu babikoranye kugira bahagarike ico kiza.

OMS yashikirije ibitigiri vy’abantu 29 bafashwe na Ebola, batatu yarabahitanye kuva aho igaragariye muri Kongo kw’italiki ya 22 z’ukwezi kwa kane guheze.

Umugera wa Ebola utera umururumbo, kuvirirana amaraso, kuyorwa hamwe n’ugucibwamwo. Ukwiragira mu mubiri ningoga ndetse ugashobora kwica 50 kw’ijana y’abo ufashe.

Bubaye ubugira umunani Ebola ivugwa muri Kongo kuva mu mwaka w’1976. Watanguye kwibonekeza ubwa mbere mu ntara ya Bas-Uele, mu buraruko bushira ubuseruko hafi y’igihugu ca Republika Centrafrika.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG