Uko wahagera

RDC: Abantu 17 Baramaze Guhitanwa na Ebola


Abakozi muvy'amagara y'abantu bariko bapompa umuti abariko barimenyereza guhangana n'umugera wa Ebola i Kinshasa, itariki 21/10/2014.
Abakozi muvy'amagara y'abantu bariko bapompa umuti abariko barimenyereza guhangana n'umugera wa Ebola i Kinshasa, itariki 21/10/2014.

Igihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo catangaje ko ikiza ca Ebola kimaze kugaragara mu karere ka Bikoro mu ntara ya Equateur, inyuma y’aho abantu 17 bamaze kumenyekana ko baheruka gupfa, abandi babiri batangajwe ko bafashwe.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu OMS, ryatangaje kuri uyu wa kabiri ko igihugu ca Kongo catewe na Ebola. OMS imenyesha ko yasohoye umuliyoni umwe w’Amadolari y’Abanyamerika yo gufasha vyihuta kurwanya ico kiza.

OMS yavuze ko mu ndwi zitanu ziheze, abantu batanu bamenyekanye ko barwaye Ebola muri ako karere. Abantu cumi n’indwi barapfuye.

OMS ivuga ko itegekanya kurungika abahinga b’indwara z’ibiza, abaganga hamwe n’abahinga bajejwe kugenzura irwirirana ry’imigera muri ako karere mu misi iza. Ivuga kandi ko yamaze kubimenyesha ibihugu bibanyi na republika iharanira Demokarasi ya Kongo.

Mu mwaka w’2017 niho Ebola iheruka muri RDC mu karere k’ubuvuzi ka Likati, aho abantu bane bapfuye kuri munani bari bafashwe. Bubaye ubugira icenda, ikiza ca Ebola gitera kuva aho uwo mugera umenyekaniye mu mwaka w’1976.

Ibihugu ico kiza cihayemwo inkumbi ni Guinea, Sierra Leone, na Liberiya. Cahamaze kuva mu mwaka wa 2014 gushika 2016 cica abarenga ibihumbi cumi na kimwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG