Uko wahagera

RDC: Abantu 17 Baramaze Kwicwa na Ebola


Ikiza ca Ebola muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo carongeye guhitana uwundi muntu umwe, nk’uko vyatangajwe n’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, afise amakenga no ku bakozi bakora mu gisata c’ubuvuzi.

Umushikiranganji Dr Oly Ilunga, mw’itangazo yashikirije kuri uyu wa gatatu yavuze ko kuva kw’igenekerezo rya 8 ukwezi kwa gatanu, igihugu ca Kongo congeye guterwa na Ebola, gushika ubu abantu 11 bamaze gufatwa, umwe arapfa. Avuga ko igiteye amakenga ar’uko abakozi batatu bo mu gisata c’amagara y’abantu bari mu banduye, ari naco gituma hakwiye inyishu yihutirwa kuri ico kiza.

Uwo mushikiranganji yemeje ko yarungitse abahinga mu vy’ubuvuzi cumi na babiri i Mbandaka ku murwa mukuru w’intara ya Equateur.

Igihugu ca RDC catangaje ku musi wa kabiri ko cinjiranwe na Ebola ku ncuro y’icenda. Abantu 21 baramaze kugaragaza ibimenyetso vya Ebola kandi 17 baramaze gupfa.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS ryasohoye umuliyoni w’amadolari y’Abanyamerika mu ntumbero yo guhagarika igwirirana ry’ico kiza.

Igihugu ca Nijeriya gihana urubibe na RDC, catangaje ku musi wa gatatu ko gihagaritswe umutima n’ico kiza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG