Uko wahagera

OMS: Ikiza Ebola muri RDC Giteye Amakenga Cane


Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS ryamenyesheje kuri uyu wa gatanu ko ryihweje uko ivya Ebola vyifashe muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo rishize ico kiza ku rugero rwo hejuru cane mu gutera ubwoba ku rwego rw’igihugu.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y’aho uwundi muntu umwe yagaragaye ko yanduye Ebola muri imwe mu ma zone y’ubuganga mu gisagara ca Mbandaka, ahaba abantu barenga umuriyoni, ni mu buraruko bushira uburengero bw’intara ya Equateur.

Igisagara ca Mbandaka kiri ku bilometero 150 uva mu mihana yo hagati mu gace ka Bikoro, aho ico kiza catanguye kugaragara mu ntango z’uku kwezi.

Umuyobozi mukuru wa OMS, Dr. Tedros Adhanom Ghebreyesus yavuze ko ivy’ico kiza biteye amakenga.

Iryo shirahamwe rimenyesha ko ryarungitse abahinga bashika kuri 30 gukurikiranira hafi ico kiza muri ico gisagara mugihe incanco 4000 zashitse ku murwa mukuru Kinshasa ku musi wa gatatu.

Abantu bashika 44 nibo bamaze kumenyekana ko boba baranduye kuva Ebola yongera kwaduka mu ndwi iheze, harimwo 23 bapfuye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG