Uko wahagera

RDC: Umupadiri Yanduye Ebola i Mbandaka Yakuwe mu Bandi


Urusengero Eglise du Christ i Mbandaka, ahagaragaye Ebola.
Urusengero Eglise du Christ i Mbandaka, ahagaragaye Ebola.

Umupadiri Katolika yakuwe mu bandi ashirwa mu kibanza ca wenyene inyuma y’aho bigaragariye ko yanduye umugera Ebola i Mbandaka, mu buraruko bushira uburengero bwa Republika iharanira Demokarasi ya Kongo ahabangamiye n’ico kiza, nkuko amakuru ava mu baganga abivuga.

Amakuru itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP ryakuye mu baganga avuga ko uwo mupadiri ari uwo muri diyoseze ya Mbandaka-Bikoro.

Ku musi wa gatatu, abategetsi ba Kongo bavuze ko abantu boza baritondera amakuru ashikirizwa ku bantu bavugwa ko banduye, bakarindira ayavuye mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Ikiza ca Ebola catanguye gutangazwa kw’itariki ya 8 z’ukwezi kwa gatanu mu gisagara ca Bikoro, kiri ku birometero 600 uva ku murwa mukuru Kinshasa, ku rubibe n’ibihugu ca Kongo Brazaville.

OMS ivuga ko abantu 58 basuzumwe ko banduye uyo mugera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG