Uko wahagera

Abanyeshure Baziga ku Buntu muri Sierra Leone


 Julius Maada Bio, mu gihe c'amatora y'umukuru w'igihugu, Freetown, Sierra Leone, Itariki 31/03/2018.
Julius Maada Bio, mu gihe c'amatora y'umukuru w'igihugu, Freetown, Sierra Leone, Itariki 31/03/2018.

Perezida mushasha wa Sierra Leone, Julius Maada Bio kuri uyu wa kane yatangaje ko abanyeshure bo mu mashure mato mato n’ayisumbuye bagiye kuzokwiga ku buntu, nk'uko yavyemereye abanyagihugu yiyamamariza amatora. Yavuze ko iyo ngingo izotangura gushirwa mu ngiro mu mwaka mushasha w’ishure uza, mu mwezi kw'icenda umwaka w'2018.

Ivyo yabitangaje ariko yugurura ibikorwa vy’inama nshingamateka, kandi avuga ko ari mu ntumbero yo guteza imbere inyigisho.

Perezida Bio yatangaje kandi ko muri kazoza ka hafi azogwiza kabiri amafaranga reta iha igisata c’indero, ave ku bice 11 aje kuri 20 kw’ijana.

Sierra Leone ni kimwe mu bihugu bikenye cane kw’isi. N'aho gifise ubutare bwinshi mu butaka bwaco, harimwo na diyama, ica kabiri c’Abanyagihugu ba Sierra Leone barenza imyaka 15 ntibashoboye kuja mu mashure, nkuko raporo ya UNESCO yo mu mwaka wa 2015 ivuga.

Ico gihugu kiriko kirava mu bikomere casigiwe n’intambara kandi giheruka guterwa n’ikiza ca Ebola mu myaka ya 2014 gushika 2016, ikiza cahitanye abantu ibihumbi bine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG