Uko wahagera

Babiri mu Banduye Ebola Bivanye mu Bitaro i Mbandaka Barapfuye


Umugamga ategura urucanco rwa Ebola i Mbandaka, RDC, Itariki 21/05/2018.
Umugamga ategura urucanco rwa Ebola i Mbandaka, RDC, Itariki 21/05/2018.

Abantu batatu bari baranduye umugera wa Ebola barikuye mu bitaro batarekuwe n’abaganga bo mu bitaro vy’i Mbandaka muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, ivyo vyatangajwe n’umwe mu bakuru b’umuryango w’abaganga batagira imbibe, Médecins sans frontières, kuri uyu wa gatatu.

Henry Gray, atunganya ibikorwa vyo gufasha abanduye Ebola muri MSF i Mbandaka yavuze ko abo bantu bavuye mu bitaro vy’i Wangata hagati yo ku musi w’Imana no kuwa gatatu. Babiri muri bo baramaze gupfa.

Gray avuga ko kuva ivyo bibaye, hariko harakorwa ibishoboka kugira bumvishe abarwayi ndetse n’imiryango yabo kutava mu bigo vy’ubuvuzi bakoranirijwemwo kugira babandanye bavurwa.

Ikiza ca Ebola cagaragaye kw’itariki ya munani z’ukwezi kwa gatanu mu gace ka Bikoro, ku birometero 100 uva mu gisagara ca Mbandaka hamwe n’ibirometero 600 uva ku murwa mukuru Kinshasa.

Ibitigiri vy’abamaze gupfa bishika kuri 27, kuri 58 bagaragaye ko banduye canke bakekwa kuba baranduye, nkuko OMS ryabishikirije ku musi wa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG