Uko wahagera

U Rwanda Rubabajwe n'Ingingo y'Uburundi yo Kugara Imipaka Ihuza ivyo Bihugu


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye kumwe na Prezida w'u Rwanda Paul Kagame
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye kumwe na Prezida w'u Rwanda Paul Kagame

Reta y'u Rwanda itangaza ko yababajwe n'ingingo y'Uburundi yo gusubira kugara imipaka ihuza ivyo bihugu bibiri.

Itanagazo U Rwanda rwasohoye rivuga ko ingingo y'Uburundi rwayimenye biciye mu bimenyeshamakuru. Muri iryo tangazo, U Rwanda ruvuga ko ingingo y'Uburundi ari ingingo idashemeye, kuko izobangamira uruja n'uruza rw'abantu, n'uguhanahana ibidadanzwa.

Itangazo ry'U Rwanda ribandnaya kuvuga ko ingingo y'Uburundi inyuranye n'amabwirizwa agenga ugukorana hagati y'ibihugu bigize umuryango w'akarere ka Afurika y'ubuseruko, EAC. Ku bw'u Rwanda, ingingo y'Uburundi ihonyanga kandi amategeko ya EAC.

Uno munsi ku wa kane, Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu c'Uburundi n'umutekano ni ho bwatangaza ko imbibe zose Uburundi buhana n'u Rwanda zugawe.

Ni ingingo yatangarijwe mu nama Umushikiranganji Martin Niteretse yagiranye n’abajejwe intwaro mu ntara ya Kayanza, guhera kuri buramatari gushika ku barongoye izone mu ntara ya Kayanza iri mu buraruko bw'Uburundi.

Muri iyo nama, Umushikiranganji Niteretse yasiguye ko Uburundi bwasanze bufise ico bwise "umubanyi mubi", agirako avuga ko Uburundi bwahagaritse imigenderanire bwari bufitaniye n'u Rwanda, kuko budashobora bugenderanirana n’igihugu "kibitse abansi b’Uburundi ata kindi barota atari ukubuhekura.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu Burundi bwatangaje iyo ngingo ni nabwo bubarizwamwo umutekano w'ico gihugu.

Uburundi bwugaye imbibe buhana n'u Rwanda inyuma yaho prezida w'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, asubiye kwagiriza u Rwanda ko ruhaye indaro kandi rufasha abaroberi ba Red Tabara barwanya ubutegetsi bw'Uburundi.

Prezida Ndayishimiye ivyo vyagiriji yabivugiye mu kiganiro co gusoza umwaka wa 2023 yakoranye n'abamenyeshamakuru hamwe n'abanyagihugu mu ntara ya Cankuzo. Hari inyuma y'igitero Uburundi bwegetse kuri Red Tabara. Ico gitero cagabwe mu Gatumba Ku rubibe rw'Uburundi na Kongo cahitanye abantu 20.

Inyuma y'ivyagirije vya Prezida Ndayishimiye, u Rwanda rwasohoye itangazo ritera ivyatsi ivyavuzwe n'Uburundi. Iryo tangazo Ijwi ry'Amerika tugifitiye kopi ryavuga ko ata na hamwe u Rwanda ruhuriye na Red Tabara.

Muri iryo tangazo riri mu congereza, U Rwanda rwibukije ko ruhora runaha Uburundi abarwanyi b'abarundi baba binjiye mu Rwanda binyuranye n'amategeko, biciye mu rwego ruhuriweko n’abasirikare b’ibihugu bigize Inama Mpuzamakungu y’Akarere k’Ibiyaga Binini, ICGLR.

Si ubwa mbere Uburundi bwugaye imipaka ruhana n'u Rwanda. Mu 2015, rwayugaye rwagiriza u Rwanda kuba rwaragize uruhara mu mvururu zatewe n'ingo y'Umuhisi Petero Nkurunziza yo gusubira kwitoreza iyindi manda. Ico gihe, Uburundi naho nyene bwaremeza ko u Rwanda ruhaye indaro ababurwanya. Ni ivyagiriji u Rwanda rwahakanye akatari gake.

Imipaka yugawe mu 2015 yasubiye kugururwa mu mpera z'ukwezi kwa cumi ko mu 2022, gutyo icuka kigenda gisubira kuba ciza ku buryo abategetsi b'Uburundi n'u Rwanda bagenderaniye inyuma y'igihe kinini bari bamaze barabana ay'ingwe.

Fyonda hasi wumve ibindi mu nkuru ya Desire Hatungimana.

Imigenderanire y'u Rwanda n'Uburundi Yasubiye Gutosekara
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:24 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG