Uko wahagera

Ku Ncuro ya Mbere Kuva mu 2015 Prezida w'u Rwanda Yakiriye Abategetsi b'Uburundi


Abategetsi b'Uburundi bahuye na Prezida w'u Rwanda Paul Kagame
Abategetsi b'Uburundi bahuye na Prezida w'u Rwanda Paul Kagame

Prezida w'u Rwanda Paul Kagame yakiriye ku muhingamo w'uno wa mbere intuma z'Uburundi zirimwo umushikiranganji ajejwe ivy'akarere ka Afurika y'Ubuseruko, urwaruka, imico kama n'inkino mu Burundi, Ambasaderi Ezéchiel Nibigira, Jenerali Silas Pacifique Nsaguye atwara iperereza mu gisirikare c’Uburundi na Madamu Aimée-Laurentine Kanyana, icegera c’umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe ibibazo vya gisivile akaba yahoze ari umushikiranganji w'ubutungane.

Umubonano Prezida w’u Rwanda agiranye n’abo bategetsi bo mu Burundi ni wo wa mbere wo ku rwego rwo hejuru ubereye ku ruhande rw’u Rwanda urimwo Preziza Kagame. Ku ruhande rw’Uburundi, mu kwezi kw’indwi ko mu 2021, ico gihugu gihimbaza imyaka 59 yo kwikukira, Prezida Evariste Ndayishimiye yaragiranye umubonano n’Umushikiranganji wa mbere w’u Rwanda, Edouard Ngirente yari yaserukiye u Rwanda mu birori vy’iryo sabukuru.

Mu butumwa bugufi perezidansi y'u Rwanda yacishije ku rubuga rwayo, @UrugwiroVillage, yavuze ko Ambasaderi Nibigira hari ubutumwa bwa Prezida Evariste Ndayishimiye yazaniye mugenzi wiwe w’u Rwanda Paul Kagame. Ubwo butumwa ntibwatomowe ubwo ari bwo.

Ku rubuga rwa Perezidansi y’u Rwanda, ubutumwa buto buriko bubandanya buvuga ko ibiganiro vyabaye hagati ya Prezida Paul Kagame n’abategetsi b’Uburundi vyashimikiye “Ku gukomeza imigenderanire hagati y’ivyo bihugu.” Ubushikiranganji buraba ivy'akarere ka Afurika y'ubuseruko mu Burundi nabwo buvuga ko mu vyo impande zibiri zayaze harimwo no kunagura kahise kamye karanga ivyo bihugu bibanyi.

Ijwi ry’Amerika ryagerageje kurondera uruhande rw’Uburundi rwotanga amakuru arengeje ngaha ariko ntirwaboneka. Gusa, umwe mu begereye ibiro vy’umukuru w’igihugu mu Burundi yavuze ko iyi ntambwe iri mu zindi zigiye kubandanya mu ntumbero yo kunagura imigenderanire hagati y’u Rwanda n’Uburundi.

Icuka kibi hagati y’ Uburundi n’u Rwanda catanguye mu mwaka w’2015 Umuhisi Petero Nkurunziza amaze kuvuga ko azokwitoreza manda itigeze ivugwako rumwe n’impande zitandukanye zirimwo iziharanira agateka ka zina muntu, abanyepolitike n’abamenyeshamakuru. Kuva ico gihe, Uburundi bwagiriza u Rwanda guha indaro impunzi zirimwo “abashatse gutembagaza ubutegetsi”, u Rwanda na rwo rukagiriza Uburundi ko rubitse abahungabanya umutekano w’igihugu."

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG