Uko wahagera

Umupaka n'Uburundi Uzokwugururwa u Rwanda Rutanze Abashatse Gukora Kudeta


Sonia Ines Niyubahwe avugira ubushikiranganji bw'imigenderanire mu Burundi
Sonia Ines Niyubahwe avugira ubushikiranganji bw'imigenderanire mu Burundi

Umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe umutekano mu Burundi ahamagarira umuryango wose ubuze uwawo kubanza kwitura inzego zo hasi zikamufasha kuja ku giporisi. Pierre Nkurikiye yabivugiye mu kiganiro c'abavugizi b'inzego za Reta kuri uyu wa gatanu.

Muri ico kiganiro hanagarutsweko ibijanye n'umupaka w'Uburundi n'u Rwanda ucugaye mu gihe iyindi yose ico gihugu cayuguruye. Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire Ines Sonia Niyubahwe yemeje ko "uzugururwa u Rwanda ruhaye Uburundi abashatse guhirika ubutegetsi bw'Uburundi"

Havuzwe kandi ibindi bibazo birimwo ukurungika mu myitozo ya gisirikare urwaruka ruhejeje ay'isumbuye imbere y'uko ruja muri kaminuza. Ikiganiro co kuri uyu wa gatanu caremesherejwe mu ntara ya Karusi, hagati na hagati hashira ubuseruko bw’Uburundi.

Nk’uko bama babikora uko amezi atatu aheze, abavugizi b’inzego za reta n’uw’umukuru w’igihugu bishuye ku bibazo bihari muri kino gihe mu kiringo c’amasaha atatu.

Umviriza inkuru yose dushikirizwa n'umumenyeshamakuru Eloge Willy Kaneza w'Ijwi ry'Amerika.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:21 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG