Uko wahagera

Uburundi n'u Rwanda mu Nzira yo Kunagura Imigenderanire


Ifoto y'abari mu mubonano wa Prezida w'u Rwanda Paul Kagame n'Abategetsi b'Uburundi
Ifoto y'abari mu mubonano wa Prezida w'u Rwanda Paul Kagame n'Abategetsi b'Uburundi

Ku musi wa mbere, Prezida w'u Rwanda Paul Kagame yarakiriye intumwa za mugenzi we w’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, zari zirongowe n’umushikiranganji ajejwe akarere ka Afrika y'Ubuseruko, urwaruka, imico kama n'inkino mu Burundi, Honorable Ezéchiel Nibigira.

Abakwirikiranira hafi ibibazo vya politike bavuga kw’uyo mubonano wiyongeye ku yindi mibonano yabaye hagati y’intumwa zitandukanye z’ivyo bihugu, ugaragaza kw’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri iriko iranaguka.

Ambassaderi Fred Ngoga, akora mu biro vya komiseri ajejwe ibibazo vya politike, amahoro n’umutekano mw’ishirahmwe rya Afrika, UA, yavuganye na mugenzi wacu Frederic Nkundikije.

Uburundi n'u Rwanda mu Nzira yo Kunagura Imigenderanire
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:37 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG