Uko wahagera

Uburundi Busaba U Rwanda Gutanga Jenerali Majoro Niyombare


General Major Godefroid Niyombare
General Major Godefroid Niyombare

Reta y’Uburundi irasaba reta y’u Rwanda kuyiha General Major Godefroid Niyombare, umukuru w’abashatse gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’2015, nk’uko ico gihugu giheruka kurungika i Bujumbura abantu 19 biyemerera ko bari abarwanyi barwanya reta y’Uburundi.

Ibi vyashikirijwe n’umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, Alain Guillaume Bunyoni, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Bunyoni, yavuze ko reta yiwe ifise amakuru akwiye ko Niyombare ari mu gihugu c’u Rwanda. Aca asaba ko ico gihugu co mubarungikira.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Uwo mutegetsi yaboneyeho n’akaryo ko kwishura amashirahamwe mpuzamakungu akingira agateka ka zina muntu arenga 40 yituye ONU kuri uru wa gatatu yerekana ko muri ico gihugu agateka ka zina muntu kasubiye guhonyangwa bikomeye.

Alain Guillaume Bunyoni, muri ico kiganiro yabonetse akeye mu maso yambaye ishati yera, ikaravati itukura na costume yirabura. Mu kuramutsa abamenyeshamakuru bari bahari yashimiye Imana kuko ikimukingiye amagara. Atwengatwenga, yongeyeko ko kugeza kw’isaha ico kiganiro cabereyeko yari ameze neza. Aha yariko akura amakenga ku vyari bimaze iminsi bivugwa ko amagara amukitse.

Icaje kunyura ibintu, ni itegeko ry’umukuru w’igihugu ryateweko umukono mu ntango z’iyi ndwi rigena umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano ko ari we yomusubirira mu kurongora ibikorwa vya reta mu gihe Bunyoni yoba afatiriwe. Iri tegeko ni irigenga ibikorwa bisanzwe vya reta “Reglement d’ordre Interieur”.

Aha, abatari bake nk’abaharanira agateka zina muntu vyarabateye amakenga. Pacifique Nininahazwe atwara ishirahamwe FOCODE yanditse urwandiko rusaba umukuru w’igihugu kubwira Abarundi iyo uwo mutegetsi amaze iminsi mu kiringo kirenga amezi abiri ataboneka. Yamara, muri ico kiganiro, Bunyoni yavuze ko mu mezi aheze ibiro vyiwe vyari bimaranye iminsi akazi kenshi ko kugenzura ishirwa mu ngiro ry’imigambi ya reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG