Uko wahagera

Amerika Yafatiye Abarundi Bane Ibihano


Alain Guillaume Bunyoni, umwe mu bafatiwe ibihano
Alain Guillaume Bunyoni, umwe mu bafatiwe ibihano

Prezida wa leta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama yasohoye itegeko rifatira ibihano abantu bane bagirizwa kugira uruhara mu ruhagarara rubandanya mu Burundi.

Iryo tegeko ritanga ububasha bw’ukuzibira amatungo y’abakoze canke abafashije mu bikorwa vyageramiye amahoro n’umutekano mu Burundi, bageramiye demokrasi, canke batyoje agateka ka muntu mu Burundi.

Iryo tegeko riziririza visa ku bantu amatungo yabo azoba yazibiwe.

Abafatiwe ibihano ni Alain Guillaume Bunyoni, umushikiranganaji ajejwe umutekano mu Burundi, Godefroid Bizimana, icegera c’umuyobozi mukuru ajejwew igipolisi c’igihugu, Godefroid Niyombare, yahoze ari umutegetsis mukuru w’ibiro bijejwe iperereza mu Burundi na Cyrille Ndayirukiye, yahoze ari umushsikiranganaji ajejwe kwivuna abansi.

Mu gufata ivyo bihano,leta zunze ubumwe za Amerika zifatanije n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, vyafashe ingingo y’ugufatira ibihano Abarundi bose bageramira amahoro n’umutekano mu Burundi.

Itangazo ryo mu biro vya prezida wa Amerika, Maison Blanche, bimenyesha ko vyaronse amakuru atari make yizigiwe y’ubwicanyi, ihagarikwa ry’abantu mu buryo budaciye mu mategeko, ifatawa bunyamaswa ry’abantu, ikandamizwa rifatiye ku mpamvu za politike rigirwa n’inteko zijejwe umutekano, hamwe n’ubwicanyi n’ityozwa ry’agateka ka muntu bigirwa n’imikangara yitwaje ibirwanisho y’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi bita Imbonerakure.

Iryo tegeko rivuga ko amajambo ateye ubwoba aherutswe gutangazwa n’abategetsi ba leta yongereje ubwoba bwari busanzwe buri mu gihugu, ayo majambo akaba ashobora gutuma haba ubwicanyi kurushiriza.

Iryo tangazo ryibukije ko bamwe mu batavuga rumwe na leta ya prezida Pierre Nkurunziza bahisemwo gukoresha inguvu mu kurwanya Reta, bakora ubwicanyi, n’ibitero vy’amagrenade, n’igeragezwa rya coup d’etat mu kwezi kwa gatanu mu mwaka w’2015. Amerika ivuga ko ivyo bikorwa navyo nyene bigira uruhara mu guhungabanya umutekano mu Burundi.

Muri iryo tangazo leta zunze ubumwe za Amerika zibandanya kwiyamiriza ikoreshwa ry’ubwicanyi, canke ubundi buryo budakwirikije amategeko bw’ugushika ku migambi ya politike canke gufata ubutegetsi.

Amerika iratera akamo impande zose kwiyamiriza ubwicanyi, zimenyesha ko zizobandanya gutohoza n’ugufatira ibihano abagetetsi ba leta canke abatavuga rumwe na leta bahitamwo ubwicanyi bakongera bakageramira umugambi w’ugutorera inyishu uruhagarara rwa politike mu Burundi biciye mu mahoro.

XS
SM
MD
LG