Uko wahagera

Gitega: Abakekwaho Kudeta Basabiwe Burundu


Abakekwaho kudeta mu Burundi
Abakekwaho kudeta mu Burundi

Umushikirizamanza Adolphe Manirakiza yasabiye, bose uko ari 28, igihano c’ugufungishwa umunyororo w’ubuzima bwabo bwose yongerako igihano c’ukubuzwa gukora akazi ka Leta munkiringo c’imyaka 20.

Ivyo bihano yabisavye afatiye ku vyaha bitatu abagiriza. Ivyo vyaha ni ugushaka guhirika ubutegetsi, uguhamagarira abanayagihugu gufata ibigwanisho mu ntumbero y’ugutembagaza ubutegetsi, ukwica abasirikare, abapolisi n’abanyagihugu hamwe n’ukubomora inyubakwa nyinshi.

Basabwe gusozera imburano, uwa mbere yagize icavuga ni General Cyrille Ndayirukiye, yahoze ari umushikiranganji w'ukwivuna abansi. Yavuzeko atacashobora gushikiriza kuko yataswe uburenganzira bw’ukunganirwa n’abashingwamanza kandi n’abantu batatu yasavye ko borengutswa ngo babazwe batigeze baza.

Abo nabo ni abajenerali batatu :Potien Gaciyubwenge, yahoze ari umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Prime Niyongabo, yahoze ari umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare na Godefroid Niyombare yararongoye abavuze ko bafashe ubutegetsi. Uwundi yanse kugiricavuze kubera atabashingwamanza yaronse ni Jenerali Juvenal Niyungeko batazira Kiroho.

Aba bompi ukwari babiri co kimwe na Zenon Ndabaneze na Helmenegilde Nimenya baremanga icaha c’ugutembagaza ubutegetsi. Bose bavuga ko bahagarariye amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro. Helmenegilde Nimenya we yasavye sentare kumufata nk’intwari aho kumwegekako ivyaha kuko ngo yashaka kurinda igihugu kugwa mu manga.

Abandi bafungwa 24 barahakana ivyaha bagirizwa vyose bagasaba kurekurwa n’ugushumbushwa ku vyo batakaje imisi bamaze bafunzwe.

Umushikirizamanza abagiriza kandi ko bateguye guhirika ubutegetsi kuva ku wa 26 ndamukiza bakoranye n’abari mu myiyerekano.

Maitre Fabien Segatwa, wunganira batatu murabo 28 bashinjwa, avuga ko bidatahuritse na gato. Maitre Segatwa avuga k’uru rubanza naharurwa politike bidasigura ko haribica vyirengagizwa. Amategeko y'Uburundi ategekanya kw’ingingo ya sentare itegerezwa kumenyekana mu kiringo kitarenga amezi abiri.

Abasaba indishi z’akababaro harimwo umugambwe cndd fdd usaba imilioni zirenga 180 z’amarundi kubera inyubakwa n’imiduga vyononywa kuva ku wa 26 ndamukiza 2015. Ubuskiranganji bw’umutekano busaba ama miliyaridi arenga 13 kubera abapolisi bishwe, ibigwanisho bitandukanye vyibwe, amazu n’imiduga vyononywe kuva kuriyo tariki nyene. Ubushikirnaganji bw’ukwivuna abansi bwaka imiliyoni zirenga 793 kubera abasirikare bishwe, ibigwanisho vyibwe n’ivyononekaye ku magenekerezo ya 13 na 14 rusama 2015.

XS
SM
MD
LG