Uko wahagera

Burundi: Umwaka Uruzuye Kudeta Iburijwemo


General Major Godefroid Niyombare ageze imbere ya Radiyo RPA, kuwa gatatu tariki ya 13 y'ukwezi kwa gatanu umwaka wa 2015.
General Major Godefroid Niyombare ageze imbere ya Radiyo RPA, kuwa gatatu tariki ya 13 y'ukwezi kwa gatanu umwaka wa 2015.

Umwaka uruzuye kudeta iburiyemo mu Burundi. Mu ntango z’umuhingamo wo kw’igenekerezo rya cumi na gatatu ukwezi kwa gatanu umwaka w’i 2015 hari ku musi wa gatatu. Ico gihe niho Général major Godefroid Niyombare yashikiriza ijambo abarundi n’amakungu avuga ko Perezida Nkurunziza yakombowe.

Umukuru w’igihugu yari mu rugendo rw’akazi mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Inyuma y’imisi ibiri ihirikwa ry’ubutegetsi ryaburijwemwo.

Bamwe mubashatse gufata igihugu harimwo uwari kw’isonga ryabo barahunze abandi batabwa muri yompi. Mu nyuma hatunganijwe amatora umugambwe cndd fdd uyatsinda impaga abatavuga rumwe n’ubutegetsi bayisokoyemwo.

Umwaka umwe inyuma y’uko gushaka guhirika ubutegetsi, abanyepolitike batavuga rumwe na leta ariko bavuga ko bemeye gushira ahintahe ishize inyuma y’amatora bavuga ko icigwa nyamukuru bakuyemwo ari intambwe ishimishije y’ukunywana hagati y’abarundi.

Ariko k’uruhande rw’abatavuga rumwe na leta mbere bemeza ko ata matora yabaye mu gihugu bakagereranya ubutegetsi buhari n’ubwigikenye s’uko babona ibintu.

Uyu mwaka urangiye mu gihe abasirikare n’abapolisi bagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi 28 baciriwe imanza kuruyu wa mbere mu gisata c’iyungururizo rya sentare ntahinyuzwa y’Uburundi.

Abantu 21 muribo bahanishijwe imyaka 21 y’ugufungwa ubuzima bwabo bwose hiyongeyeko ukutemererwa gukora akazi ka leta mu myaka 20, 5 baciriwe imyaka 2 y’ugufungwa nayo babiri barezwa.

Uyu mwaka ushitse mu gihe kandi abantu barenga ibihumbi 270 bahunze igihugu nayo abarenga 430 baricwa nk’uko biri mu cegeranyo ca ONU.

Inyuma y’umwaka kandi abanyepolitike batari bake barahunze igihugu co kimwe n’abaserukira amashirahamwe n’ibimenyeshamakuru vyigenga. Abatari bake muribo bakaba baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi bubagiriza gukorana n’abashatse guhirika ubutegetsi.

Inyuma y’ibiganiro vyabaye rimwe gusa mu Buganda mu kwezi kwa 12 umwaka uheze mu ntumbero y’uguhuza abegwa n’amatati y’Uburundi ngo indyane zihere, i Arusha muri Tanzaniya kuva kw’igenekerezo rya 21 uku kwezi, ibiro vy’umuhuza Benyamini William Mkapa vyatangaje ko ibiganiro bizosubira kuba inyuma yaho mu ntango z’uku kwezi vyankiye.

XS
SM
MD
LG