Uko wahagera

Burundi: Abagirizwa ko Bahatswe Gutembagaza Ubutegetsi Baciriwe uwo Guherayo


General Niyombare Godefroid aza kw’isonga y’urutonde rw’abantu 34 bakatiwe gufungwa ubuzima bwabo bwose
General Niyombare Godefroid aza kw’isonga y’urutonde rw’abantu 34 bakatiwe gufungwa ubuzima bwabo bwose

Abarundi 34 bagizwe n’intwazangabo mu gisirikare no mu gipolisi, abanyepolitike, abamenyeshamakuru hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike bakatiwe na sentare ntahinyuzwa umunyororo wo guherayo.

Bagirizwa kuba bashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza, kwica no gusambura ibintu vy’abanyagihugu. Muri abo bose, abatapfuye baba hanze y’Uburundi.

Godefroid Niyombare ni we aza kw’isonga y’urwo rutonde rw’abantu 34. Urwo rubanza rukaba rwagiye ahabona kuri uno wa kane. Kiretse rero gukatirwa umunyororo wo guherayo, baraciriwe no kuriha n’indishi z’akababaro ku bintu vyononywe muri iyo misi yakurikiye uko gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Radiyo Rema FM izorihwa amafaranga arenga gato imiriyaridi 4 z’amarundi, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi imiriyoni zirenga 800, ubushikiranganji bw’umutekano imiriyoni zirenga gato 360 n’umugambwe CNDD-FDD imiriyoni zirenga 180. Hari n’abanyagihugu basabiwe ku giti cabo indishi nazo zirenga gato imiriyoni 80, uwuza imbere akaba ari Bisaganya Albert, umupolisi w’ipete rya general aherutse gukukuruka akaba asabirwa imiriyoni 25.

Umwe mu bakatiwe uwo mu nyororo wo guherayo yabwiye Ijwi ry'Amerika ko ivyashikirijwe na sentare ntahinyuzwa ari agatotezo babandanya bakorerwa. Umushingwamanza Janvier Bigirimana wewe abona ko urwo rubanza ari urwa politike, kandi ko ubutungane butigenga ari bwo butuma hacika imanza nk’izo zidakurikiza amategeko aba agenga igihugu.

Urwo rubanza rusohotse mu gihe umukuru w’igihugu c’Uburundi yari aherutse gusaba ikigo c’igihugu kigenzura uko ibimenyeshamakuru bikora CNC kuganira n’amaradiyo yafatiwe ibihano. Umwe mu bamenyeshamakuru ari mu baciriwe urwo rubanza abona ko ivyo biganiro bitagishobotse mu gihe Bob Rugurika arongoye radiyo RPA na Innocent Muhozi arongoye Televiziyo Renaissance bari mu bakatiwe uwo mu nyororo wo guherayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG