Uko wahagera

Uburundi Bwahakanye ko Hari Imigwi y'Inyeshyamba Iri mu Kibira


Alain Tribert Mutabazi ni umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burundi
Alain Tribert Mutabazi ni umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burundi

Umushikirangani wo kwivuna abansi mu Burundi arahakana amakuru yemezwa na bamwe mu banyagihugu hamwe n'igisirikare c'igihugu kibanyi c'u Rwanda ko hari imigwi y'inyeshamba z'Abanyarwanda iri mw'ishamba cimeza rya Kibira.

Alain Tribert Mutabazi yabishikirije kuri uyu wa mbere ariko yerekana ivyo ubushikirangani bwiwe bwaranguye mu mezi atatu aheze. Yanagarutse ku bindi bibazo vyinshi birimwo ivy'abasirikare bari mu butumwa bwo kugarukana amahoro n'umutekano hamwe n'abahoze ku rugamba bidoga ko batavuzwa kandi babifitiye uburenganzira.

Ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye bwo kwivuna abansi, Alain Tribert Mutabazi yavuze ko biri mu ntumbero yo kubahiriza intwaro ibereye aho ubushikiranganji bwose bubwirizwa gushira ku mugaragaro ivyo bwakoze biciye mu binyamakuru uko amezi atatu aheze.

Yagarutse ku migambi mikuru mikuru ubwo bushikiranji bwari bwihaye kugerako irimwo ugukomeza ugucungera imbibe z’igihugu kurusha, ukwivuna abansi, ugukomeza intwaro ibereye, ugutsimbataza ubushobozi bw’inzego zitandukanye mu vyerekeye amategeko, uguteza imbere ishusho ya FDNB- igisirikare c’Uburundi, hamwe no kuduza imibereho y’abakozi b’ubushikiranganji.

Abakuriye inzego z'igisirikare cy'Uburundi mu nama yo kwihweza ivyaranguwe
Abakuriye inzego z'igisirikare cy'Uburundi mu nama yo kwihweza ivyaranguwe

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura, Mutabazi atwara ubushikiranganji bwo kwivuna abansi yagarutse ku makuru amaze imisi yemezwa n’abanyagihugu ko mw’ishamba cimeza rya Kibira ahaherereye mu ntara ya Cibitoke hari imigwi y’abagwanyi bavuga Ikinyarwanda imaze igihe ihibonekeza igatana mu mitwe n’ingabo z’Uburundi.

Ariko mu mpera z’ukwezi kwa gatanu uyu mwaka, igisirikare c’u Rwanda cemeje ko hari inyeshamba zibiri za FLN ziciwe ahitwa Rwamisave hongera hafatwa ibirwanisho mu gihe kivuga umugwi wari wateye wambutse uruzi Ruhwa ku ruhande rw’Uburundi mu ntara ya Cibitoke unahunga usubirayo.

Mu gihe hari amakete yagiye ahabona n’Ijwi ry’Amerika rikayarabukwa yandikiraniwe hagati y’umukuru w’ingabo za Somaliya n’uwutwara inteko z’abasirikare b’Abarundi muri ico gihugu ziri mu gikorwa co kugarukana amahoro mu rwego rwa AMISOM bagirizanya ukuvogerana, Mutabazi asigura ko atavyo yari bwumve.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi ni nabwo bushinzwe abahoze ku rugamba. Ariko hari nka bamwe bavuganye n'Ijwi ry'Amerika bo muri site ya Karurama mu ntara ya Cibitoke bavuga ko bibagiranywe batavuzwa.

Cassien Bizabigomba umukuru w'ishirahamwe ADMH na ryo rihurikiyemwo abahoze ku rugamba avuga ko ribabajwe n’ukubona ata mategeko bafise abagenga.

Turetse mu bihugu vya Somalia na Republika ya Centrafrika aho ingabo z’Uburundi ziri kugarukana amahoro mu ngabo za ONU n’ubumwe bwa Afrika, igisirikare c’Uburundi kiranavugwa kuba kirungika abasoda ku butaka bwa Kongo nk’uko amashirahamwe yigenga yabitwiganiye. Ariko igisirikare c’Uburundi kirabihakana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG