Uko wahagera

U Rwanda n'Uburundi mu Ngendo yo Kunagura Umubano


Umushikiranganji wa mbere w'u Rwanda Edouard Ngirente mu birori byo guhimbaza imyaka 59 iheze Uburundi bwikukiye
Umushikiranganji wa mbere w'u Rwanda Edouard Ngirente mu birori byo guhimbaza imyaka 59 iheze Uburundi bwikukiye

Inyuma y’ibirori vyo guhimbaza umunsi mukuru w’imyaka 59 iheze Uburundi buronse intahe yo kwikukira, umukuru w’igihugu yaciye aha umubonano udasanzwe intumwa ya mugenzi we w’u Rwanda, umushikiranganji wa mbere.

Prezida Evariste Ndayishimiye na Edouard Ngirente bafunditse ko abategetsi b’ivyo bihugu bibiri bagiye gusubira kwunga ubuciti bw’akadasohoka maze hagasubira kuba uruja n’uruza hagati y’ivyo bihugu bibiri nkuko Evelyne Butoyi, umuvugizi w’umukuru w’igihugu yabibwiye abamenyeshamakuru i Bujumbura.

Ibihe bibi vyaranze Uburundi n’u Rwanda vyatanguye mu mwaka w’2015.

Uburundi bwagirije u Rwanda ko rwahaye indaro impunzi zirimwo abashatse gutembagaza ubutegetsi, u Rwanda na rwo rwagiriza Uburundi ko rubitse abahungabanya umutekano w’igihugu.

I Bujumbura harabaye imyiyerekano akatari gake yo kwiyamiriza u Rwanda, mu nyuma impaka y’ibihugu vyompi irugarwa.

Gervais Nibigira, umuhinga yanonosoye ivya kahise na politike n’imigenderanira, asigura ko ingaruka mbi zabangamiye abanyagihugu cane cane abegereye ku mipaka. Abona ko ubu agacu gatanguye kuba keza.

Bamwe muri abo banyagihugu, abanyacibitike, mu ntango z’iyi ndwi bari biganiye Ijwi rya Amerika agahombo bahagiriye, bakifuza ko iyugururwa ry’imipaka ryonyaruka.

No ku ruhande rw’u Rwanda ni nk’uko, nk’uko bisigurwa n’abanyabugarama mu Karere ka Rusizi ahegereye umupaka wa Ruhwa.

Gervais Nibigira, umuhinga mu vya Kahise na Politike, avuga ko hari igihe amajambo ya politike adaca atajana n’ibikorwa mu kiringo ca vuba. Arafise n’amakenga ko inagurwa ry’imigenderanire rishobora kubangamira uburenganzira bw’impunzi z’Abarundi zahungiye mu Rwanda.

Mu butumire bwari bwahawe umukuru w’igihugu c’u Rwanda, Ijwi rya Amerika rifitiye ikopi yavuye mu biro vy’umukuuru w’igihugu c’Uburundi, Perezida Paul Kagame yishuye mugenzi we ati:

“Vyukuri, ni ikimenyetso ciza co gusubira kunagura ubucuti bw’imigenderanire yamyeho hagati y’ u Rwanda n’Uburundi”.

Mu kurangiza Prezida w’u Rwanda yongeye ati: “N’aho ntashoboye kuza, nizeye ko vuba tuzoronka akandi karyo ko kubonana amaso mu yandi, kuko twempi tugiye kubandanya dukorana vya hagufi, mu gukomeza ubuciti bwa kivukanyi hagati y’ibihugu vyacu bibiri”.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:06 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG