Uko wahagera

Uburundi Bwavuze ko Hataragera Kugurura Imipaka n'u Rwanda


Umupaka wa Gasenyi Nemba
Umupaka wa Gasenyi Nemba

Uburundi bwatangaje ko gushika ubu butarafata ingingo yo kwugurura imipaka ico gihugu gihana n’u Rwanda. Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu yabitangarije i Bujumbura kuri uyu wa mbere. Ku mipaka itandukanye nka Gesenyi-Nemba aho Ijwi ry'Amerika ryashitse, nta ruja n’uruza ruhari. Uburundi bwankiye n’abanyarwanda bari batahutse mu gihugu cabo kucinjiramwo, bwankira umurundi asubiye mu gihugu ciwe c’amavukiro kwinjira.

Kuri uwo mupaka uri mu karere ka Bugesera mu Rwanda, no muri Komine Busoni mu gice c’Uburundi, hari abandi bari barindiriye kubukura mu cibo iyo imipaka yugururwa. Ijwi ry'Amerika ryasanze babuze ayo bacira n’ayo bamira.

Uburundi bwasiguye ko ikibazo c’indyane za politike catumye bugara amayira kitarava mu nzira. Ico gihugu cifuza ko u Rwanda rugiha abashatse gutembagaza ubutegetsi n’abandi bafise imitahe mpuzamakungu y’ubutungane ibarondera boba bari ku gataka k’u Rwanda. Umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu, Albert Shingiro, ariko yavuze ko ibiganiro kugira ico ikibazo gitorerwe umuti bigeze kure.

Imipaka y’u Rwanda n’Uburundi irugaye kuva mu mwaka w’i 2015, cane cane kubera indyane za politike zadutse mu Burundi muri uwo mwaka. Ico gihugu ndetse kiracahaye indaro impunzi z’Abarundi zirenga ibihumbi 45.

Gushika ubu imipaka u Rwanda ruhana n’ibindi bihugu yose iruguruye kiretse ko Uburundi butarugurura kugira uruja n’uruza rusubire kuba nka kera kuri uwo mupaka wa Gasenyi-Nemba, wari usanzwe wakira amakamyo menshi y’ibiribwa bija mu bihugu nka Tanzaniya, Ubuganda na Kenya.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:21 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG