Uko wahagera

Prezida w'u Rwanda Ata Gihindutse Azoja mu Nama ya EAC Izobera mu Burundi


Prezida w'Uburundi kumwe na Prezida w'u Rwanda Paul Kagame
Prezida w'Uburundi kumwe na Prezida w'u Rwanda Paul Kagame

Prezida w'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yahamagaje inama yihuta y'abakuru b'ibihugu vy'akarere ka Afurika y'ubuseruko, EAC. Iyo nama izobera ejo ku wa gatandatu ku murwa mukuru w'ubutunzi bw'Uburundi, Bujumbura, "izokwiga ku kibazo c'umutekano muke muri kongo, n'ibindi bibazo."

Isoko ryacu mu biro kwa prezida w'Uburundi ari nawe atwara EAC muri k'ino gihe, ryabwiye uruganda rw'Ijwi ry'Amerika mu Kirundi n'Ikinyarwanda ko ata gihindutse prezida w'u Rwanda Paul Kagame ari mu bategetsi bazokwitabira iyo nama izomara umunsi umwe.

Iryo soko ryagize riti: " Ivya Kongo bizoba biri ku rutonde rw'ivyo abategetsi barimwo Prezida Kagame bazokwicarira. Ariko, sindamenya urutonde rwose rw'ibindi bizohavugirwa, nkagira ayandi makuru menya ndayababwira."

Ijwi ry'Amerika ryabajije isoko ryaryo mu biro kwa Prezida Ndayishimiye, niba ku ruhande rwa Kongo azi ko hari umutegetsi azoza muri iyo nama, hama naryo ryishura rivuga ko "bishoboka ko prezida wa Kongo, Félix Antoine Tshisekedi Tshilombo, azoyizamwo".

Prezida Ndayishimiye atumyeko inama y'ibihugu bigize umuryango wa Afurika y'Ubuseruko, EAC, mu gihe ejo ku wa kane uwo muryango wandikiye Repububrika ya demokarasi ya Kongo uyisaba kwisigura ku ngingo yafashe yo kwirukana abasirikare b’u Rwanda bari mu biro bikuru vy’inteko za EAC zifise icicaro gikuru i Goma.

EAC yasavye Kongo kwisigura biciye mu rwandiko umunyamabanga mukuru w’uwo muryango, Dr Peter Mutuku Mathuki, yandikiye icegera c’umushikiranganji wa mbere akaba n’umushikiranganji w’imigenderanire ya Kongo, Christophe Lutundula Apala Pen’ Apala.

Muri urwo rwandiko, EAC ivuga ko yamenye kandi itewe amakenga n'iy'irukanwa ry'abofisiye batatu b’u Rwanda bari muri izo nteko z’akarere. Abo basirikare birukanwe n’ubutegetsi bwa Kongo kw’itariki 30 z’ukwa mbere k'uno mwaka wa 2023.

Muri urwo rwandiko, EAC yibukije ico gihugu ko irungikwa ry’abo basirikare ryumvikanyweko n’abakuru b’ibihugu vyo muri uyo muryango, aho bari mu nama igira 27 yo kw’ihindagurika ry’ibihe (COP 27), yabereye i Sharm El Sheik muri Misiri kw’itariki ya 7 ukwezi kw’icumi na rimwe.

EAC ikindi yibukije muri iryo kete, ni uko kw’itariki ya 8 ukwezi kw’icenda 2022 Repuburika ya demokarasi ya Kongo yasinye amasezerano yo kwohereza inteko z’akarere mu buseruko bw’igihugu. Ayo masezerano yemereye abari muri izo nteko kugira ubudahangarwa no kworoherezwa mu kazi kabo ka gisirikare.

Igisirikare ca Kongo, FARDC, casohoye itangazo rimenyesha iyirukanwa ry’abasirikare b’u Rwanda bari mu nteko za EAC itariki ya 30 z’ukwa mbere. Ibiro bikuru vya FARDC vyasiguye ku bibasavye gukinjura ku mvo z’umutekano.

Prezida w’u Rwanda Paul Kagame akaramuka agiye mu Burundi ejo ku wa gatandatu, azoba agiyeyo inyuma y’imyaka yababa cumi atagiye muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG