Uko wahagera

Prezida Kagame Yarungikiye Ubutumwa bwo mw'Ibanga Prezida Ndayishimiye


Prezida Evariste Ndayishimiye kumwe na Jenerali majoro Albert Murasira
Prezida Evariste Ndayishimiye kumwe na Jenerali majoro Albert Murasira

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yakiriye intumwa zarungitswe na mugenzi we w’u Rwanda kuri uyu wa kabiri. Izo ntumwa zari zirongowe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi w’u Rwanda, General Major Albert Murasira.

Zari zizaniye Perezida Evariste Ndayishimiye ubutumwa bwo mw’ibanga bwa mugenzi we Paul Kagame w’u Rwanda bugamije gusubira kunywana kw’ivyo bihugu bibiri.

Intumwa zihariye z’umukuru w’igihugu c’u Rwanda zabonaniye na Perezida Evariste Ndayishimiye i Gitega ku murwa mukuru wa politike. Ibiro vy’umukuru w’igihugu Ndayishimiye vyatangaje ko ubutumwa bwarungitswe na mugenzi we Paul Kagame ari ubwo mw’ibanga.

Ico bikoze, umugizi wiwe, n’aho atashatse kuvuga vyinshi, Evelyne Butoyi yamenyesheje ko ubwo butumwa bwerekeye ugusubira kunagura imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri yatosekaye guhera mu mwaka w’2015 kubera intureka za politike zadutse mu Burundi.

Izo ntumwa z’u Rwanda zari zigiye gusubiriza mu ndumane iz’Uburundi, na zo zari zashiriye Paul Kagame ubutumwa bwo mw’ibanga bwa Prezidia Evariste Ndayishimiye, hagati mu kwezi kwa mbere uyu mwaka. Zari zirongoye na Ezechiel Nibigira, umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo umuryango wa Afrika y’ubuseruko ivyo bihugu bibiri bihuriramwo.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu c'Uburundi yemeje ko izo ntumwa z’u Rwanda zari zitwaye inyishu y’ubwo butumwa bwo mw’ibanga. Uburundi kandi bwaheruka kurungika mu Rwanda intumwa zari zirongowe n’umushikiranganji w’Ubutungane Domine Banyankimbona. Icari kizizanye nk’uko yabitangarije Ijwi rya Amerika ari kumwe n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika, kwari ukurondera abo ico gihugu cagiriza ko bashatse gutembagaza ubutegetsi, boba bahungiye mu Rwanda.

Ico ni co catumye Uburundi butugurura imipaka buhana n’u Rwanda, mu gihe u Rwanda rworwo rwuguruye amarembo kuva italike 7 z’uku kwezi. U Rwanda rubona ko ico kibazo kitobuza imipaka kwugururwa kuko kiriko cigirwa mu nzego nyinshi, ndetse ko hari n’abaronderwa ariko bakaba bakingiwe n’amategeko mpuzamakungu akingira impunzi kuko baba kugataka k’ico gihugu nk’abasavye ubuhungiro biciye mw’ishirahamwe ryitaho impunzi HCR.

Ikibazo co kwugurura imipaka ni co kiraje ishinga abatari bake cane cane abanyagihugu begereye imipaka nk’uko aba bo mu Ntara ya Cibitoke ku ruhwande rw’Uburundi, n’Abanyabugarama mu karere ka Rusizi ku ruhande rw’u Rwanda bavyiganiye Ijwi rya Amerika, mu minsi iheze. Bifuza ko izo ntumwa ku mpande zose zokura mu nzira uwo mwitwarariko.

Abaraba ibintu n’ibindi bavuga ko hasigaye umubonano wohuza abakuru b’ibihugu babiri Ndayishimiye na Kagame kugira bakemure ayo matati. Hagati mu kwezi kwa kabiri guheze, abo bubahwa babiri barahuriye mu nama ihuza ibihugu vya Bulaya na Afrika mu gihugu c’Ububiligi, yamara, ibiro vy’abo, nta na hamwe vyigeze bitangaza ko boba barahuye imbonankubone canke ngo baramukanye.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Pierre Claver Niyonkuru

Intumwa z'u Rwanda Zabwiye iki Prezida Ndayishimiye?
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:47 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG